IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Intererano ya mbere ya Festicab 2013 yatanzwe na Brarudi

Intererano ya mbere ya Festicab 2013 yatanzwe na Brarudi

mercredi 10 Ndamukiza 2013

Ishirahamwe Brarudi ryatanze intererano igera ku mafaranga y’amarundi imiliyoni mirongo ine ku murwi uriko utegura isabukuru ry’amareresi (Festicab 2013) rizotangura mu ntango z’ukwezi kwa Ruheshi umwaka w’2013.

Ku mugoroba wo kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 10 Ndamukiza 2013 mu bigo vy’iryo shirahamwe, niho amasezerano aherekeza iyo ntererano yaterwako igikumu hagati y’umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Brarudi, Maarten Schuurman na Léonce Ngabo, umukuru wa Festicab.

Mw’ijambo ryiwe, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Brarudi, Maarten Schuurman, yamenyesheje ko mu mwaka uheze, kubera agacumu k’ubumwe k’ishirahamwe Brarudi, abarorezi ibihumbi cumi na bitanu aribo bashoboye gukurikirana isabukuru ry’amareresi. Muri uyu mwaka, biteguriye kurenza urwo rugero, mu kwegeranya abakunzi b’ibinyobwa vya Brarudi n’abandi mw’iterambere ry’ibikorwa vy’abategura n’abatunganya isabukuru ry’amareresi mu Burundi.

JPEG - 43 ko

Léonce Ngabo, umukuru wa Festicab, yakengurutse agashimwe kazotangwa na Brarudi k’uwuzoba yakoze igikorwa ca mbere giteye igomwe. Yibukije ko imyaka ine iheze ishirahamwe Brarudi rifata mu mugongo Festicab. Ivyo vyarafashije kuko bagenze mu mihingo nka yose y’igihugu.

Ku kibazo c’ukugene iyo ntererano izokoreshwa, Léonce Ngabo yabwiye abanditsi n’abamenyeshamakuru ko integuro y’isabukuru ry’amareresi ritwara uburyo bwinshi kuko hatumirwa abahinga mvamakungu baza haba ari mu kwigisha canke mu gutanga amanota. Iyo bafashwe neza, bitera iteka Uburundi bigatanga n’isanamu nziza mu makungu.

Umuyobozi mukuru w’urwaruka, inkino n’imico kama, Jean Marie Vianney Rugerinyange, ari nawe yaserukiye ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama, yakeje ishirahamwe Brarudi ridahengeshanya gushigikira utwigoro tw’abateza imbere imico kama y’Uburundi. Yasavye nawe nyene ishirahamwe Brarudi kwibuka n’abari mu bindi bisata, bagatezwa imbere, gutyo ibinyobwa vyabo bibandanye kumenyekana no guhurumbirwa.

JPEG - 40.3 ko

Maarten Schuurman, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Brarudi yarangije amenyesha ko batazohengeshanya gufasha mu bikorwa nk’ivyo kuko vyagaragaye ko abarundi bafise ubuhinga bwinshi ariko bakenera gufatwa mu mugongo kugira babushire ahabona.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.