Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abaganga bemeje ko amagara ya Hillary Clinton yifashe neza
 Abaganga bemeje ko amagara ya Hillary Clinton yifashe neza
 Abaganga bemeje ko amagara ya Hillary Clinton yifashe neza
				
				jeudi 15 Nyakanga 2016, par
Umuganga wa Hillary Clinton yemeje ko uwo ahiganirwa gutwara Reta zunze ubumwe za Amerika afise amagara meza, kandi ashobora amabanga y’umukuru w’igihugu. Uwo muganga yabishikirije igihe herekanwa urupapuro rwiwe rwo kwa muganga.
Iryo tangazo rivuga ko amagara y’umukandida mu matora y’umukuru w’igihugu ku ruhande rw’abademokarate, abandanya kuba meza, inyuma y’ingwara y’umusonga yari yamufashe.
Ivyo vyerekanywe inyuma y’aho uwo bahanganye Donald Trump yerekaniye urupapuro rwerekana uko amagara yiwe yifashe.
 
- Hillary Clinton
Abafasha b’umupfasoni Clinton bavuga ko bazosubira mu myiyamamazo ku munsi wa kane, inyuma y’aho afatiwe n’ingwara imbere y’isinzi ry’abantu mu mpera z’indwi iheze.
Abakandida bose, harimwo n’uwufise imyaka myinshi kurusha abandi bose bari bamaze kwitoza kurongora Amerika, bari bamaze imisi bahatirwa kwerekana ivyerekeye amagara yabo.
BBC ivuga ko ikibazo c’amagara caragarutse mu myiyamamazo y’amatora yimirije mu kwezi kwa cumi na rimwe, kuva aho umupfasoni Clinton w’imyaka 68 agwariye, ari mu myiyamamazo kw’igenekerezo rya 11 z’ukwezi kw’icenda, i New York.
Docteur Lisa Bardack yavuze ko umupfasoni Clinton ariko aratora mitende, akaba ariko arafata imiti ya "antibiotique" yongera aruhuka.
IGIHE

Messages
15 Nyakanga 2016, 21:43, par Ruzosi
Ariko Ntabona Ko Imyaka Iriko Iramubera Nabi. Narekere Abagishobora Kwiyamamaza,bobo Bagifise n’akayabagu Kukurya N’utwo Barondeye.Nakare! " Akamuga Ntigatorora Kuko Niyo Gasumye Ntikikorera ".