IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Mu makungu > USA: Abapatiri 300 baragirizwa gufata ku nguvu abana

USA: Abapatiri 300 baragirizwa gufata ku nguvu abana

Wednesday 15 August 2018, by vianney

Amakuru amenyeshako ico cegeranyo gifise impapuro zigera amajana icenda yasohowe ejo ku musi wa kabiri n’umurwi w’abanyamategeko bahawe kwihweza no gusuzuma bimwe vy’umwihariko ivyaha bivugwakuri bamwe mu bapatiri ba Ekereziya Gatorika bo muru Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Bivugwako hari ibindi vyegeranyo vyatanzwe imbere y’iki cegeranyo gishasha ariko vyerekanye ko iki cegeranyo gishasha cihariye gusumba ivyo vyegeranyo vya mbere.

Bimwe biri murico cegeranyo cerekana umupatiri yafashe ku nguvu umwana w’umwigeme amutera inda yongera amufasha kuyikuramwo kandi aguma mu bikorwa vyiwe vyo gushikiriza inkuru nziza hamwe n’uwundi mupatiri yemeye ubwiwe ko yafashe ku nguvu abahungu 15 harimwo uwufise imyaka 7.

Ico cegeranyo kivuga ko naho ivyaha vyabayeho, vyinshi murivyo basanze vyarashaje bimaze igihe ku buryo sentare itovyakira kiretse abihebeyimana babiri bari muri sentare kuko ivyaha vyabo bitarasaza.

Tim Lennon, ari mw’ishirahamwe ry’abantu bafashwe ku nguvu n’abihebeyimana yavuze ko ari vyiza kubona ico cegeranyo yagizwemwo uruhara na Reta.

Iki cegeranyo cakozwe n’umurwi w’abantu 23 harimo abihebeyimana ba Ekereziya Katorika mu gihe cy’imyaka ibiri bakaba bakoze iperereza muri diyoseze zitandatu bakoresheje inyandiko zatanzwe nayo madiyoseze hamwe n’ivyabona vy’abakorewe ivyaha.


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.