IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Mu makungu > Bresil:Uwuhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu yacumiswe

Bresil:Uwuhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu yacumiswe

Friday 7 September 2018, by vianney

Amakuru dukesha iradiyo BBC amenyeshako amasanamu yerekanye Jair Bolsonaro ashize ukuboko hejuru murako nkanya nyene aca aracumitwa n’ikintu kitamenyekanye ariko mu nyuma bimenyekana ko yari imbugita.

Ayo makuru avuga ko amaze gucumitwa yaciye yunama inyuma yaho abanywanyi biwe baciye bamwururutsa aho yari bamushira mu modoka baca bamujana ku bitaro.

Bivugwako Jair Bolsonaro amaze kubagwa baciye bamushira mu cumba c’abakomerewe mu kiringo c’amasaha.

Abajejwe umutekano bamenyeshako uwakoze ubwo bubisha yitwa Adelio Obispo de Oliveira kandi aza yafashwe. .

Bitegekanijwe ko Adelio Obispo de Oliveira azomara mu bitaro ikiringo c’imisi 10. .
.
Adelio Obispo de Oliveira ari mu bahabwa amahirwe yo gutsinda amatora y’umukuru w’igihugu asanzwe ari umunyeporitike akomeye ngaho mu gihugu ca Bresil ,ivyiyumviro vyiwe bikaba bishingiye mu kugwanya amacakubiri ashingiye k’urukoba.


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.