IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Mu makungu > USA:Umunyamabanga wa Reta avuga ko biteguriye kunagura ibiganiro na Koreya (...)

USA:Umunyamabanga wa Reta avuga ko biteguriye kunagura ibiganiro na Koreya ya Ruguru

Thursday 20 September 2018, by vianney

Amakuru dukesha BBC avuga ko uyo munyamabanga wa Amerika yabishikirije inyuma yaho mu nama yahuje umukuru w’igihugu wa Koreya ya Ruguru hamwe n’umukuru w’igihugu wa Koreya y’Epfo ,Kim Jong UN atwara Koreya ya Ruguru yemeye ko agiye kwugara ikigo cageragerezwamwo ibigwanisho ruhonyanganda.

Mike POMPEO yavuze ko Amerika yiteguye kwitaba ibiganiro akanya kariko kose kubera ubushake bwagaragajwe n’igihugu ca Koreya ya Ruguru.

Abakwirikiranira hafi ibijanye na Koreya ya Ruguru bavuga ko gushika ubu nta kintu na kimwe kigaragaza ko Koreya ya ruguru imaze kugira intambwe iboneka mu guheba imigambi yaco ijanye n’ibigwanisho ruhonyanganda, kandi bemeza ko inama yabaye hagati yabo bakuru b’ibihugu babiri idahagije kugira Koreya ya Ruguru ishire mu ngiro ivyasabwe.

Bitegekanijwe ko mu kwezi kwa Nzero umwaka wa 2021 ariho igihugu ca Koreya ya Ruguru kizoba cahejeje gusambura ibigwanisho ruhonyanganda .


IGIHE

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.