IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Mu makungu > Espagne: Abantu 330 bakomerekeye mu giteramo

Espagne: Abantu 330 bakomerekeye mu giteramo

Tuesday 14 August 2018, by vianney

Abarorerezi hamwe n’abakunzi b’ico giteramo bakomeretse inyuma yaho igice kimwe cegereye ikiyaga cahabera igiteramo gisenyutse bamwe bagwa mu mazi.

Abo bantu bakomeretse inyuma yaho murico giteramo umuririmvyi Rels B ariko araririmba yasavye abariko barorera gusimbagurikira icarimwe kugira ibirori biryohe kurusha.

Inyuma yo gusimbagurikira icarimwe ibiro vy’abarorerezi vyarushije uburemere imbaho zari zubatse aho bari bahagaze bica bituma zisenyuka gutyo abantu baba baguye mu mazi.

Abajejwe intwaro mu gace ka Vigo hafi y’ahabereye ico giteramo bamenyeshako icateye iyo mpanuka ari uburemere bwasenyuye imbaho abarorerezi bariko bavyinira icarimwe.

Ico giteramo cabera mu gisagara ca Vigo giherereye mu buraruko bw’igihugu ca Espagne mu gace kamenyerewe cane kuberamwo ibikorwa vyo kwinezereza mu bikorwa vyatunganijwe hakaba harimwo inkino zijanye n’izo mu mazi.


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.