IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Mu makungu > Koreya ya Ruguru iragirizwa gukora ibigwanisho ruhonyanganda (...)

Koreya ya Ruguru iragirizwa gukora ibigwanisho ruhonyanganda bishasha

Tuesday 31 July 2018, by vianney

Amakuru dukesha iradiyo BBC amenyeshako bamwe mu bajejwe intwaro ba Amerika bamenyesheje ikinyamakuru Washington Post ko bimwe mu bigendajuru vy’igendereza vya Amerika vyasanze hariho ibikorwa biriko birabera mu karere gakorerwamwo ibisase biterwa kure.

Ayo makuru abandanya avuga ko amasanamu y’ibigendajuru yerekana imodoka zinjira zongera zisohoka muri iryo hinguriro, ariko atari muri ico gikorwa co gukora ivyo bisasu.

Umukuru w’igihugu wa Reta zunze ubumwe za Amerika,Donald Trump yaheruka kugira umubonano na mugenzi we w’igihugu ca Koreya ya ruguru Kim Jong-un mu kwezi kwa Ruheshi uyu mwaka wa 2018 aho Kim Jong Un yiyemeje gukora uko ashoboye kugira ahagarike ikoreshwa ry’ibigwanisho ruhonyanganda mu gihugu ciwe.

Inyuma y’imisi mike uyo mubonano ubaye ,Donald Trump yaranebaguwe kuba ’yagize amasezerano yo ku munwa gusa ata masezerano bashizeko umukono yabayeho yemeza ko Kim Jong Un yiyemeje guhagarika burundu umugambi wo gukora ’ibigwanisho ruhonyanganda hamwe no kubikoresha.


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.