IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abandi basirikare 615 ba Amerika bagiye kurungikwa muri Irak

Abandi basirikare 615 ba Amerika bagiye kurungikwa muri Irak

jeudi 29 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika kiriko citegurira kurungika abandi basirikare bashbra kugera ku 600 muri Irak, bakazoja gufasha kwigarurira igisagara ca Mosul gisanzwe kiri mu minwe y’umuhari wa Reta ya Kiyisilamu.

Ivyo vyatangajwe n’abategetsi ba gisirikare ba Amerika kuri uwu wa gatatu, umwe mu bategetsi bakuru b’igisirikare ca Amerika akaba yatangaje ko ibiganiro bagiranye na Reta ya Irak, bemeranije irungikwa ry’abandi basirikare kumenyereza no gutanga impanuro, mu gihe imyiteguro yo gusubira kwigarurira Mosul igeze kure.

VOA ivuga ko Amerika gushika ubu ifise abasirikare bashika 4000 muri ico gihugu, udashizemwo abajayo mu gihe gito gito.

Ariko rero, ishirahamwe mpuzamakungu ONU riragabisha ko kwongereza ibikorwa vya gisirikare bishobora gutuma ibitigiri vy’impunzi muri Irak vyiyongera gushika ku muriyoni.

Ni mu gihe HCR itangaza ko gushika mu mpera z’ukwezi kw’umunani guheze, abantu baharurwa mu bihumbi 213 aribo bamaze guhunga ico gisagara ca Mosul, baja mu bindi bisagara vya Irak.

Igisagara ca Mosul kizwi nk’igisagara kigira kabiri muri Irak, cafashwe n’umuhari wa reta ya Kiyisilamu mu mwaka w’2014.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.