Accueil > Amakuru > Mu makungu > Afganistan: Abarenga 40 bapfuye bahitanywe n’urubura
 Afganistan: Abarenga 40 bapfuye bahitanywe n’urubura
 Afganistan: Abarenga 40 bapfuye bahitanywe n’urubura
				
				dimanche 5 Ruhuhuma 2017
Urubura rwinshi rwaguye mu bice vy’ibihugu vya Pakistani na Afganistani ruhitana abantu benshi abandi barakomereka.
Abajejwe intwaro muri Afganistani bavuga ko abantu barenga mirongo ine bapfuye mu ntara cumi n’icenda; ariko intara zabangamiwe cane n’intara za Parwan na Badakhshan z’igihugu ca Afganistani .
Ingaruka z’urwo rubura ntizabaye kubabuze ababo gusa kuko n’abiyunguruza nabo bafise ikibazo, kuko amabarabara makuru makuru menshi muri Afganistani atarengana kandi n’ikibuga c’indege gikuru kirugaye.
Ubwinshi bw’urubura rwaguye bwatumye abajejwe intwaro baca bashinga umunsi w’akaruhuko mu gihugu cose.
I Chitral, mu gihugu kibanyi ca Pakistani, abantu bashika mirongo itatu n’icenda bishwe n’urubura rwabaguyeko ruvuye hejuru ku misozi, rufuka kandi amazu menshi.
IGIHE

Messages
5 Ruhuhuma 2017, 21:27, par Egide Masabo
Nimukomeze Kwihangana! Naho Muri Mubihe Bigoye
6 Ruhuhuma 2017, 11:44, par Reveriye Musabato
Nimwihangane Ivyo Nibimenyetso Vyiherezo.Yesuyavuze Mwamemwiteguye Umuntuashoborakuvyuka Atazikoyirirwa!
6 Ruhuhuma 2017, 16:00, par Nkundimana Gerard
Ivyo Nivyahanuwe Biguma Bishika Abantu Twese Dukwiye Kwihana Hahirwa Abapfa Bapfira Mu Mwami
6 Ruhuhuma 2017, 16:02, par Nkundimana Gerard
Ivyo Nivyahanuwe Biguma Bishika Abantu Twese Dukwiye Kwihana Hahirwa Abapfa Bapfira Mu Mwami
6 Ruhuhuma 2017, 16:04, par Nkundimana Gerard
Ivyo Nivyahanuwe Biguma Bishika Abantu Twese Dukwiye Kwihana Hahirwa Abapfa Bapfira Mu Mwami