IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Abantu 20 bishwe, abarenga ijana barakomereka

Amerika : Abantu 20 bishwe, abarenga ijana barakomereka

lundi 2 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Ayo masasu yarashwe n’umuntu yari mw’igorofa ya 32 mw’ihoteri ya Mandalay ikinirwamwo akamari (Casino). Igiporisi ca Reta zunze ubumwe za Amerika kivuga ko cashoboye kwica kirashe uwo muntu yari ahejeje gusasika inganda, mu gucucagira amasasu menshi mu bantu bari mu giteramo cariko kibera hafi y’iyo hoteri.

Mu giporisi ca Reta zunze ubumwe za Amerika bavuga ko imyidondoro y’uwo muntu yarashe abari mu giteramo akica abagera kuri 20, agakomemeretsa abarenga ijana itaramenyekana. Ikimaze kumenyekana akaba ari uko uwo muntu yariko arasa abari mu giteramo yahora aba nawe mu gisagara ca Las Vegas, inzu yiwe ikaba ikironderwa.

Ayo makuru atangwa n’igiporisi akaba avuga kandi ko muri ico giteramo harimwo bamwe mu ntwazangabo zo mu giporisi ca Reta zunze ubumwe za Amerika nabo nyene bakaba bari mu bahasize ubuzima.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.