IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Donald Trump yafatiye ibindi bihano igihugu ca Koreya ya (...)

Amerika : Donald Trump yafatiye ibindi bihano igihugu ca Koreya ya Ruguru

vendredi 22 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe za Amerika ajejwe ikigega ca Reta yashize mu ngiro iyo ngingo abicishije mu kubuza amashirahamwe akomakomeye gukora urudandazwa muri ico gihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika.

Ibanki nkuru y’igihugu c’Ubushinwa iri muzafashije kugira hafatwe ivyo bihano mu kubwiriza izindi banki zisanzwe zikorana n’igihugu ca Koreya ya Ruguru guheba gukorera muri ico gihugu ca Korea ya ruguru.

Ivyo bihano bifashwe mu gihe hari haheze indwi zibiri ishirahamwe mpuzamakungu ONU rifatiye ibihano ico gihugu, inyuma yo kugerageza gutera igisasu cirengagije akamo catewe n’ibihugu rutura kw’isi aho vyagisaba guhagarika ico gikorwa.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.