Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika: Indege zatanguye gutwara abava mu bihugu birwiriyemwo aba (...)
 Amerika: Indege zatanguye gutwara abava mu bihugu birwiriyemwo aba islam
 Amerika: Indege zatanguye gutwara abava mu bihugu birwiriyemwo aba islam
				
				dimanche 5 Ruhuhuma 2017
Abajejwe abinjira n’abasohoka mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika babariye amakompanyi y’indege ko yakira ingenzi zari zabujijwe n’umukuru w’igihugu Donald Trump gufata indege.
Izo ngenzi ziva mu bihugu indwi bibamwo ahanini Abaislam, itegeko ry’umukuru w’igihugu Donald Trump, rikaba ryababuza kwinjira ku butaka bw’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Indege y’Ikompanyi Qatar Airways, yamenyesheje ko inyuma y’ingingo y’umucamanza wo ku rwego rw’igihugu muri Amerika ihagarika ingingo ya Donald Trump ica itangura kwinjiza ingenzi mu ndege.
Umuvugizi w’ibiro vy’umukuru Donald Trump yavuze ko itegeko ry’umukuru w’igihugu rifise intumbero yo gukingira igihugu, kandi Reta yemera ko rikwiye kandi ryubahirije ayandi mategeko.
IGIHE

Messages
5 Ruhuhuma 2017, 22:59, par Murokore
Ge ndi trump nimisigiti nayifunga nkaba abayisilamu babene gihugu bakarekana niyi Dini yintagondwa ahubwo nkabasaba kwakira agakiza bose bakamenya umwami yesu
9 Ruhuhuma 2017, 10:31, par king
ikara ww uyo yesu wemera.