IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Ubutegetsi bubandanya gusaba ibihugu vya Afrika guhagarika (...)

Amerika : Ubutegetsi bubandanya gusaba ibihugu vya Afrika guhagarika imigenderanire na Koreya ya Ruguru

vendredi 19 janvier 2018

Robert Scott ajejwe ibibazo vy’umugabane wa Afrika mu biro vy’umukuru w’igihugu yavuze ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zifise imigenderanire ikomeye n’umugabane wa Afrika, iyo nayo ikaba idahinduka.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko ayo majambo yayashikirije mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ku buryo bwa none ari kure "téléconférence" aho yerekana ingene Amerika yiyemeje gukora ukwo ishoboye kugira ngo Koreya ya Ruguru ntihagire ihera na rimwe ikura ku mugabane wa Afrika yokoresha mu mugambi wayo w’ibirwanisho ruhonyanganda.

Kuwa gatatu igenekerezo rya 17 Nzero 2018,Ubutegetsi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bwavuze ko buriko burasaba bushimitse ibihughu vyo ku mugabane wa Afrika vyohagarika imigenderanire ya gisirikare n’iy’ubudandaji na Koreya ya Ruguru.

Naho biri ukwo, Robert Scott ntiyadomye urutoke kuri ivyo bihugu vyo ku mugabane wa Afrika vyoba bigikorana ubudandaji na Koreya ya Ruguru, bija kubiri n’ibihano mpuzamakungu.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.