Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Ubutegetsi bubandanya gusaba ibihugu vya Afrika guhagarika (...)
Amerika : Ubutegetsi bubandanya gusaba ibihugu vya Afrika guhagarika imigenderanire na Koreya ya Ruguru
vendredi 19 janvier 2018
Robert Scott ajejwe ibibazo vy’umugabane wa Afrika mu biro vy’umukuru w’igihugu yavuze ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zifise imigenderanire ikomeye n’umugabane wa Afrika, iyo nayo ikaba idahinduka.
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko ayo majambo yayashikirije mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ku buryo bwa none ari kure "téléconférence" aho yerekana ingene Amerika yiyemeje gukora ukwo ishoboye kugira ngo Koreya ya Ruguru ntihagire ihera na rimwe ikura ku mugabane wa Afrika yokoresha mu mugambi wayo w’ibirwanisho ruhonyanganda.
Kuwa gatatu igenekerezo rya 17 Nzero 2018,Ubutegetsi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bwavuze ko buriko burasaba bushimitse ibihughu vyo ku mugabane wa Afrika vyohagarika imigenderanire ya gisirikare n’iy’ubudandaji na Koreya ya Ruguru.
Naho biri ukwo, Robert Scott ntiyadomye urutoke kuri ivyo bihugu vyo ku mugabane wa Afrika vyoba bigikorana ubudandaji na Koreya ya Ruguru, bija kubiri n’ibihano mpuzamakungu.
MUGISHA Van Naris
Messages
19 janvier 2018, 19:56, par rwanda
erega twange cg twemere ariko ukuri nuko Amerika ariyo Mana yisi