IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika, Ubwongereza n’Ubufaransa bakoze ibitero vya mbere kuri (...)

Amerika, Ubwongereza n’Ubufaransa bakoze ibitero vya mbere kuri Siriya

samedi 14 avril 2018

Amakuru dukesha iradiyo y’abafaransa RFI, amenyesha ko ivyo bitero vyabaye isaha icenda z’ijoro,mu masaha yo mu Bufaransa vyari bitumbereye ahanini ahari ibirwanisho vy’ubumara mu gihugu ca Siriya.

Ikibanza gikomeye catewe ni ikibanza kiri hafi y’umurwa mukuru wa Siriya Damas, kikaba cari cagumye gitungwa urutoki n’abarongozi b’igihugu c’Ubufaransa.

Ibindi bitero bibiri vyabaye ku bigo biri hafi y’igisagara ca Homs, hagati mu gihugu ca Siriya, mw’ishirahamwe rijejwe gukingira agateka ka zina muntu muri Siriya bavuga ko hoba hari n’ikirindiro c’abasirikare ba Siriya catewe.

Ku ruhande rw’Uburusiya bwagirijwe kuva kera gushigikira Reta ya Siriya, bemeje ko ata kirindiro na kimwe c’ico gihugu cashikiwe n’ivyo bitero.

Igisirikare ca Siriya kirwanira mu kirere caciye naco gisubiza ibitero vya misire, ariko ku ruhande rwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, bemeza ko ata muntu n’umwe wabo yahasize ubuzima.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.