Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Umushikirizamanza mukuru yagirijwe ko yabeshe
 Amerika : Umushikirizamanza mukuru yagirijwe ko yabeshe
 Amerika : Umushikirizamanza mukuru yagirijwe ko yabeshe
				
				jeudi 2 Ntwarante 2017, par
Umushingamateka akomeye w’umu Democrate, Nancy Pelosi, yasavye umushikirizamanza mukuru wa Amerika Jeff Sessions gutanga imihoho inyuma y’aho bimenyekanye ko yabonanye incuro zibiri n’uwuserukira igihugu c’Uburusiya (Sergei Kislyak) igihe c’imyiyamamazo ya Donald Trump.
Umupfasoni Pelosi amwagiriza kubesha igihe yarahirira amabanga y’abaserukira abanyagihugu mu nama nshingamateka, ko adakwiye kwitwa umukozi afasha kwubahiriza amategeko.
Nk’uko tubikesha BBC, Sessions arahakana ko atigeze ahura n’abategetsi b’Uburusiya kugira bavugane ku bijanye no kwiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu.
Nk’umushikirizamanza mukuru, Sessions agenzura ibikorwa vy’urwego rujejwe iperereza FBI, ruriko ruratohoza ingene Uburusiya bwoba bwaragize uruhara mu matora aheruka y’umukuru w’igihugu muri Amerika.
 
- Jeff Sessions, umushikirizamanza mukuru wa Amerika
Ibiro vy’umukuru w’igihugu "White House" bivuga ko ata nyifato itabereye yibonekeje igihe co kwiyamamariza amatora kandi ko ataco vyashilkirije ku bijanye n’ibivugwa kuri Sessions.
Ubushikiranganji bw’ubutungane bwemeje ko Sessions yahuye n’uwuserukira Uburusiya, Ambassadeur Sergei Kislyak, asanzwe ari mu murwi w’inama nkenguzamateka ukurikirana ibibazo vya gisirikare.
Bivugwa ko boba babonanye incuro zibiri zose.
Uwuserukira igihugu c’Uburusiya muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika Sergei Kislyak ntaco arashikiriza ku bijanye n’ibiriko biravugwa, Uburusiya nabwo bukaba bwamye buhakana ko butigeze bugira uruhara mu matora aheruka y’umukuru w’igihugu muri Amerika.
IGIHE
