IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika ivuga ko ibiganiro arivyo vyotorera umuti ukutumvikana na Koreya ya (...)

Amerika ivuga ko ibiganiro arivyo vyotorera umuti ukutumvikana na Koreya ya Ruguru

samedi 12 Myandagaro 2017

Inyuma yo guterana amajambo hagati ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Korea ya Ruguru, James Mattis amenyesha ko ingwano yokwonona vyinshi, ari naco gituma ibiganiro biriko birashira ibintu mu buryo.

Kuwa kane igenekerezo rya 10 Myandagaro 2017, igihugu ca Koreya ya Ruguru camenyesheje ko kiriko kiraheraheza umugambi wayo wo gutera ibisasu vya "missiles" zine hafi y’ubutaka bwa Amerika kw’izinga rya Guam.

Umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yavuze ko Koreyaa ya Ruguru yohava ita umutwe mu gihe yoshaka kurwana na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Haraheze iminsi mike ishirahamwe mpuzamkungu ONU rifashe ingingo yo kwongereza ibihano ku gihugu ca Koreya ya Ruguru.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.