Accueil > Amakuru > Mu makungu > Antonio Tajani, umukuru mushasha w’inama nshingamateka y’umuryango w’ubumwe (...)
 Antonio Tajani, umukuru mushasha w’inama nshingamateka y’umuryango w’ubumwe bwa Buraya
 Antonio Tajani, umukuru mushasha w’inama nshingamateka y’umuryango w’ubumwe bwa Buraya
				
				mercredi 18 Nzero 2017, par
Inama nshingamateka y’ibihugu vya Buraya yagenye uwuyirongora mushasha, uwo nawe akaba azwi kw’izina rya Antonio Tajani, aturuka mu gihugu c’Ubutariyano, akaba yatowe inyuma y’incuro zine.
Antonio Tajani yahoze ari umuvugizi wa Silvio Berlusconi, yabaye Umushikiranganji wa mbere w’Ubutariyano. Yarabaye kandi komiseri mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ibihugu vya Buraya mu myaka y’ibihumbi bibiri n’umunani n’ibihumbi bibiri na cumi kane, nk’uko bivugwa na VOA.
 
- Antonio Tajani, umukuru mushasha w’inama nshingamateka y’umuryango w’ubumwe bwa Buraya
Antonio Tajani yatangaje ko ibihugu vya Buraya bikeneye kwugurura imiryango yavyo kuri poritike ya demokarasi, kandi ko bikwiye kugiranira imigenderanire n’abanyagihugu bavyo mu gukorana ibiganiro nabo.
Igenwa ry’umurongozi mushasha w’inama nshingamateka ya Buraya ribaye mu gihe ishirahamwe rya buraya rifise ibibazo bikomeye vyo kwicarira, harimwo isohoka ry’Ubwongereza muri iryo shirahamwe ritegekanijwe gushigwa mu ngiro uwu mwaka w’2017.
Fabian Willermain, umushakashatsi mu kigo Egmont co mu gisagara ca Bruxelles mu Bubirigi amenyesha ko kubona imigwi ibiri ikomakomeye yari igize inama nshingamateka ya Buraya yariciyemwo imice, bitazozana ihinduka rinini mu bihugu vya Buraya. Yamara uwo mushakashatsi akavuga ko ivyo biganiro vyaranzwe n’ingendo ya demokarasi, kandi ko bizofasha mu bijanye no gukorera mu muco.
IGIHE
