IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Autriche : Reta yugaye imisigiti 7 ikoresha imfashanyo ziva (...)

Autriche : Reta yugaye imisigiti 7 ikoresha imfashanyo ziva hanze

vendredi 8 juin 2018

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC,amenyesha ko umushikiranganji wa mbere Sebastian Kurz, yavuze ko biri mu ntumbero yo kurondera abashira poritike muri Islam, asigura ko ibibano bibangabanganye ata kibanza bifise muri Autriche.

Iradiyo y’abongereza BBC, imenyesha ko, iyo ngingo ifashwe inyuma y’itohoza ry’abajejwe intwaro, ryakozwe ku misigiti myinshi ifashwa n’igihugu ca Tirikiya.

Haheruka kuja ahabona amasanamu mu ntango z’uno mwaka, yerekana abariko barigana urugamba rwo mu ntambara ya mbere y’isi i Gallipoli, vyagizwe n’umwe mu misigiti uzokwugarwa.

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu ca Tirikiya yavuze ko ivyo Autriche ikoze vyerekana inyifato iriko irakwiragira ifatiye ku rwanko rwa Islam hamwe n’amacakubiri y’urukoba.

Yagirije Autriche kwihesha amanota ya poritike mu bintu vy’ubusabusa, mu kubangamira ibibano vy’aba Islam.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.