IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Bangkok : Ibiganza bito bishigikiye amahoro

Bangkok : Ibiganza bito bishigikiye amahoro

mardi 14 Ruhuhuma 2017, par Jean de Dieu M.

Ishirahamwe ryo muri Korea y’epfo ryihaye ihangiro ry’ukurondera amahoro, iryo shirahamwe rigategekanya kubicisha mu runganwe rushasha rw’abatwara, hamwe n’abanyeshure bo muma Kaminuza.

Abanyeshure barenga igihumbi bo kw’ishure rya Asawittaya, mu karere ka Phra Pradaeng yo muri Samut Prakan baremeye gucapfuza ibiganza vyabo, mu gihe bagaranzura ivyo biganza vyasizwe irangi ku gitambara c’imetero 10 kuri 15, kugira bashushanye uburinganire bw’ibendera ryo mu gihugu ca Thaïlande. Ico gikorwa ciswe : « Kwiza hose umuco w’amahoro », kikaba catunganijwe n’ishirahamwe HWPL (Heavenly Culture, Peace World, Restauration de la Lumière), hamwe n’ihuriro mpuzamakungu ruharanira amahoro y’abigeme muri Thaïlande (Groupe International pour la Paix Féminine en Thaïlande). Intumbero y’ico gikorwa yari iyo kubiba imbuto z’amahoro mu vyiyumviro vy’abanyeshure bo muri Kaminuza, kuko aribo mizero y’uruganwe ruhari ubu, bakaba n’indongozi zo muri kazoza.

Igicapo c’ibiganza vy’abo banyeshure bashushanije ibendera rya Thaïlande kiri kuri iryo shure ico gikorwa cabereyeko, kikaba cabaye icitegererezo ndangakaranga ku ngenzi zivuye mu micungararo ya Bangkok.

Ico gikorwa catangujwe n’ukwerekana amasanamu avuga ayo mashirahamwe abiri yagitunganije. Abanyeshure barerekanye intambo zitandukanye, ku civugo : « Icipfuzo c’amahoro », imbere y’uko babandanya gushushanya ibendera rya Thaïlande. Inyuma y’aho baciye bahabwa igikorwa c’ukwiyumvira insiguro y’ivyo bahejeje gukora ku gihugu ca Thaïlande, hamwe n’agaciro k’ico gihugu.

Mw’ijambo yashikirije, Pranee Intarakhao, umuyobozi w’ishure rya Asawittaya yagize ati : « Turazi ko intambara iteye ubwoba kandi izana ivyago. Mpagaze ku gushimangira ku kamaro k’amahoro kw’isi. Amahoro niyo afise igiciro kinini. »

Aphinita Chaichana, umukuru w’ishirahamwe « Namobuddhaya Club », akaba n’uwuserukira amahoro mw’ishirahamwe IWPG (Ambassadeur de paix de l’IWPG) yaramwunganiye : « Iki gikorwa c’amahoro ntigishobora gukorwa n’umuntu umwe canke igihugu kimwe. Gishoboka iyo imiryango yose igiye hamwe, igafata n’ingingo z’ukurondera ayo mahoro. Muri kazoza ka Bangkok, dutegerezwa natwe kwiyunga n’abariko barangura ico gikorwa c’amahoro. »

Ishirahamwe HWPL (Heavenly Culture, Peace World, Restauration de la Lumière) ryatangujwe mu mwaka w’2012, akaba ari ishirahamwe ryigenga ridaharanira inyungu, rifise intumbero y’ugushika ku mahoro y’isi yose hamwe n’uguhagarika intambara ziba mu mihingo itandukanye y’isi.

Iryo shirahamwe ryizeye ko imbuto z’amahoro zatewe zizokwerekana ivyamwa vyiza mu gutora inyishu z’indyane zimaze imyaka myishi kuri ako karere.

« Ni urwaruka rusinzikare kurusha abandi. Urwaruka nirwo rushirwa imbere mu ngwano ziba. Nico gituma ari nkenerwa kubiba umuco w’amahoro mu rwaruka. Nirwo runganwe rushasha ruzohindura isi, rukayigira ikibanza abantu bose babanamwo mu mahoro. », uko niko Man Hee Lee yashikirije.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.