IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Bresil: Umushikiranganji w’imigenderanire n’ibindi bihugu yatanze (...)

Bresil: Umushikiranganji w’imigenderanire n’ibindi bihugu yatanze imihoho

jeudi 23 Ruhuhuma 2017

Umushikiranganji w’imigenderanire ya Bresil n’ibindi bihugu Jose Serra yatanze imihoho muri ayo mabanga,yavuze ko atanze imihoho kubera amagara yiwe atifashe neza.

Mw’ikete yandikiye umukuru w’igihugu ca Bresil Michel Temer, Jose Serra yavuze ko ababaye kubera atanze imihoho,inyuma yaho abaganga bamubwiye ko ategerezwa kumara n’imiburiburi amezi 4 kugira abe yakize neza.

Umushikiranganji Jose Serra yavuze ko abaganga bamubariye ko akeneye umwanya ukwiye wo gukurikiranwa n’abaganga.

Itororokanirizo ry’amakuru Agência Brasil rimenyesha ko iryo kete ryashikiriye umukuru w’igihugu Michel Temer kuri uyu wa Gatatu, igenekerezo rya 22 Ruhuhuma,umwaka wa 2017.

Serra w’imyaka 74 yari amaze amezi atandatu muri ayo mabanga,inyuma yaho Dilma Rousseff yahoze ari umukuru w’igihugu ahagarikiwe mu mabanga n’inama nshingamateka ,mu mwaka uheze wa 2016.

Ibiro vy’Umukuru w’igihugu hamwe n’ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ibindi bihugu, ntaco baravuga kuwushobora gusubirira Jose Serra.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.