Accueil > Amakuru > Mu makungu > Canada: Abantu batandatu bapfuye bahitanywe n’igitero
 Canada: Abantu batandatu bapfuye bahitanywe n’igitero
 Canada: Abantu batandatu bapfuye bahitanywe n’igitero
				
				lundi 30 Nzero 2017
Abantu batandatu nibo bapfuye abandi umunani barakomereka,mu gitero cabaye mu gisagara ca Quebec mu gihugu ca Canada,mw’ijoro ryo kuw’Imana igenekerezo rya 29 Nzero umwaka wa 2017.
Nkuko amakuru y’itororokanirizo ry’amakuru Reuters abimenyesha,ico gitero cakozwe n’abagabo babiri binjiye mu kibanza co gusengeramwo c’abayoboke b’idini rya Islam kiri mu gisagara ca Quebec,ahari abantu 39 bahejeje gusenga.
Amakuru ava mu gipolisi mu gisagara ca Quebec amenyesha ko ahabereye ico gitero abantu bamaze kwimurwa,hakaba hacunzwe n’abapolisi kandi ko hari abantu babiri bamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza.
Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Canada Justin Trudeau yavuze ko bateye ubwatsi ubwo bw’icanyi bw’abihevyi bwabereye mu kibanza c’amasengesho,aca amenyesha ko bahojeje imiryango yaburiye abayo muri ubwo bwicanyi.
Umukuru w’igisagara ca Quebec yasavye abanyacanada kuguma bafatanye mu nda,kuko ariyo nyishu yonyene ku vyabaye
IGIHE

Messages
31 Nzero 2017, 04:55, par Morodikayi Jon
Turahojeje imiryango yabuze ababo ngaho muri Quebec,turateyi vyatsi izontagodwa zabagesera zubahutse kugandagura izonzirakarengane zarigusenga Imana, dizera yuko koboba bafashwe bose, nababatumye bazomenyekana, nkakebura abamenyesha Mana bomwivyo bihugu bimaze guterimbere, gushira amakamera ashobora kubereka ahumwasi azananye ivyo bizoshobora gufasha mugucungera umutekano wabanyagihugu bakoraniye hamwe.