IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Chili : Papa Francois yemereye abasenyeri batatu gutanga imihoho

Chili : Papa Francois yemereye abasenyeri batatu gutanga imihoho

mardi 12 juin 2018

Abo basenyeri ni Musenyeri Barros wa Osorno, Musenyeri mukuru Cristián Querido Cordero wa Puerto Montt hamwe na Musenyeri Gonzalo Duarte García wa Valparaíso nibo bagiye gusubirizwa.

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko Musenyeri Barros umwe muri abo bemerewe gutanga imihoho,yari yagirijwe guhishira ivyaha vy’ihohotera rifatiye ku gitsina vyagirizwa uwundi mupatiri.

Iradiyo BBC y’abongereza dukesha iyi nkuru, imenyesha kandi ko uwo mupatiri yagirizwa ko yakoze ivyo vyaha hagati y’imyaka ya za 1980 n’umwaka wa 1990.

Iyo ngingo ya Papa yo kwemera itanga ry’imihoho rya batatu muri bo, yatangajwe n’ibiro vy’ubutegetsi bwa Vaticano, mu gitondo co kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 11 Ruheshi 2018.

Imboneshakure y’abafaransa France 24, yamenyesheje ko abo basenyeri bemerewe gutanga imihoho kubera bafise imyaka myinshi, ariko ntivyatangajwe nimba abandi 31 basigaye bemerewe canke batemerewe gutanga imihoho.

Papa yinjiye muri ico kibazo ca Juan Barros mu kwezi kwa mbere aho aseye nk’ uwuvugira Musenyeri Juan Barros, hari mu rugendo yagize mu gihugu ca Chili.

Ico gihe yavuga ko abagiriza uwo musenyeri ari abashaka gucafuza Ekleziya.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.