IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Cuba : Miguel Diaz-Canel yasubiriye Raul Castro mu kurongora (...)

Cuba : Miguel Diaz-Canel yasubiriye Raul Castro mu kurongora igihugu

jeudi 19 avril 2018

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko Miguel Diaz-Canel afise imyaka mirongo itanu n’itanu yize ivyerekeye ubuhinga, akaba agiye gushikira ubutegetsi inyuma y’inama idasanzwe yo kumwemeza.

Ayo makuru ya BBC, amenyesha kandi ko, uguhererekana ubutegetsi kuje kurangiza imyaka irenga 60 y’intwaro ya Castro na mwenewabo Fidel, yari ku murongo w’imbere mu kwigarurira ubutegetsi mu mwaka w’1959.

Umukuru w’igihugu mushasha wa Cuba, asa n’uwushaka ko abantu bisanzura akaba akunda ubuhinga bugezweho n’aho atawiteze ko intwaro y’umugambwe umwe ashobora kuyisezerera muri ico gihugu.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.