Accueil > Amakuru > Mu makungu > Donald TRUMP yatanguye kugena abazokorana nawe
 Donald TRUMP yatanguye kugena abazokorana nawe
 Donald TRUMP yatanguye kugena abazokorana nawe
				
				lundi 14 Munyonyo 2016, par
Donald Trump, umukuru w’igihugu wa Reta zunze ubumwe za Amerika yagenye umukuru w’umugambwe w’aba republicains, Reince Priebus, mu mabanga yo kurongora abandi bakozi mu biro vy’umukuru w’igihugu.
Abamenyeshamakuru bavuga ko igenwa rya Piebus rishobora gushavuza bamwe mu bamushigikiye, bikaboneka ko ubutegetsi bwimirije bushaka gukorana neza n’inama nshingamateka, kuko uwo Priebus afitaniye ubucuti n’umukuru w’inama nshingamateka Paul Ryan.
 
- Donald TRUMP, umukuru w’igihugu wa Reta zunze ubumwe za Amerika
Stephen Bannon, yahora arongoye ikigo ca Breitbart News, urubuga ngurukanabumenyi ruriko ivyiyumviro vy’aba republicains, nawe yagenywe kuba umuhanuzi wa Trump mu vyerekeye imigambi.
Mw’itangazo ryiwe, nk’uko tubikesha BBC, Donald Trump yavuze ko Priebus na Bannon ari abantu bafise ibintu vyinshi vyo gushima, bakoranye akazi mu gihe co kwiyamamaza mu matora y’umukuru w’igihugu.
IGIHE

Messages
14 Munyonyo 2016, 14:23, par tari
Ahubwo hatevye kugera Obama ngwakubisire ngutangure ukore akazi kawe kuko abanyafirika tukurindiriye ko vyishi nguze ubanze utugamurire izintumva zaba perezida bamwe bamwe ba frica bigize surivu birirwa bahonyanga amatege ko bongera batoteza abanyagihugu babo babatwara nkaho umengo nabagurano kandi ibihugu Ari ivyabo turakwizeye kuko ivyo wamaze kubisezerana igihe wiyamamaza
14 Munyonyo 2016, 15:20, par Lambert
Sh Inga Reta Muutama Union Europ Ibe Irajebajeba Be Na Ca Gikoko Ngo Ni Onu
14 Munyonyo 2016, 16:11, par Pacifique
Donald Na Peter Imana Irerekanye Ko Muribihang Ange Kweri ! Na Onu NaUnion Bariko Barajugumira Kukubatinya? Vive Amerique ! Vive Burundi!
14 Munyonyo 2016, 16:12, par Pacifique
Donald Na Peter Imana Irerekanye Ko Muribihang Ange Kweri ! Na Onu NaUnion Bariko Barajugumira Kukubatinya? Vive Amerique ! Vive Burundi!
14 Munyonyo 2016, 21:24, par TRUMP
PANGA AKARERE TRUMP!!
15 Munyonyo 2016, 11:46, par Nahimana
Iyo harikuba hatwara aba républicains abarundi ntibari kwicwa amakungu arorera.Trump arateye ubwoba ibihugu vy’afrika kuko ariho bakora amakosa menshi
15 Munyonyo 2016, 13:25, par Ndayishimiye
Trump
make America and Africa and all countries great again. We follow you.
15 Munyonyo 2016, 22:32, par NDENGERABAGENZI
Irambire!
16 Munyonyo 2016, 22:07, par Johnson pizzo
ikibazo dufise nuko hagiye kuza ivangura moko umwirabure, numuzungu,umwarabu ,isi iragiye mumwijima