IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa : Umumenyeshamakuru Véronique Robert yitavye Imana

Ubufaransa : Umumenyeshamakuru Véronique Robert yitavye Imana

samedi 24 Ruheshi 2017

Imboneshakure France Télévisions niy yatangaje ubwa mbere urupfu rwa Véronique Robert, ibicishije mw’itangazoyashize ahabona kuri un wa gatandatu igenekerezo rya 24 Ruheshi 2017.

Amakuru dukesha imboneshakure y’abafaransa France 24, amenyesha ko Véronique Robert yatanguye kuvurirwa i Bagdad ku murwa mukuru wa Irak imbere y ‘uko yungururizwa i Paris mw’ijoro ryo kuwa gatanu igenekerezo rya 23 Ruheshi 2017.

Abandi bamenyeshamakuru babiri, Bakhtiyar Addad ava mu gihugu ca Irak na Stéphan Villeneuve ava mu gihugu c’Ubufaransa, bitavye Imana umunsi igisasu giturika, mu gihe bariko begeranya amashusho abafasha gutunganya ikiganiro "Envoyé Spécial".

Naho ibiro vy’umukuru w’igihugu mu Bufaransa ataco biravuga ku rupfu rwa Véronique Robert, Stephan Villeneuve yitavye Imana umunsi igisasu giturika, vyari vyavuzwe ko aronka icubahiro ca Chevalier.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.