IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Francois Hollande yahevye ukwitoza mu kiringo ca kabiri

Francois Hollande yahevye ukwitoza mu kiringo ca kabiri

vendredi 2 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Francois Hollande, abaye umukuru w’Ubufaransa agira kabiri muri kahise k’ico gihugu, arangije ikiringo ca mbere ntahiganigwe kurondera ikigira kabiri.

Uwo mukuru w’igihugu bivugwa ko yatakaje igitigiri kinini c’abanyagihugu bakimufitiye icizere, nk’uko BBC dukesha iyi nkuru ibivuga.

JPEG - 91.3 ko
Francois Hollande

Mu kiganiro yatanze, umukuru w’igihugu Francois Hollande yavuze ko yayoboye igihugu c’Ubufaransa imyaka ine n’igice, n’umutima wiwe wose, ariko atahevye intumbero yiwe.

Francois Hollande yagabishije kandi ku mpungenge zitewe n’umugambwe ugendera ku vyiyumviro bikaze vy’amatwara ya kera, Front National, usa n’ukomeza kwigarurira abayoboke.


IGIHE

Messages

  • irambire mutama we ntanzara ufita nka kabila n.a. K agome bashaka kugira ibihugu v yabo amatongo yabase wabo.irangirize amahoro.imana ikwongere imigisha .

  • Niwewe urumushingantahe komera kwibanga, ntiwagiye kubutegetsi utumwe ninzara, niwirabire Nkurunziza ya shikiye ubutegetsi abitumwe nasutama yagomba imwica, kunyatuka ntageza, mpaka bamusabije umutwe niho azokivako.

  • Hollande nyuma yo kubesha Nkurunziza aramutereranye,Kikwete out,Hollande out,Nkuru ni ashikame awunywe rero

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.