IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Gambie : Uwahoze arongoye iperereza yafatanwe n’abandi umunani

Gambie : Uwahoze arongoye iperereza yafatanwe n’abandi umunani

vendredi 24 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Ubutegetsi muri Gambiya bwafashe uwahoze arongoye ikigo kijejwe iperereza, yagirizwa ko yahohoteye agateka ka zina muntu ku ntwaro ya Yahya Jammeh, yahora arongoye Gambiya.

Uwo yafashwe azwi kw’izina rya Yankuba Bagjie, akaba yafatanywe n’abandi bakozi bashika ku munani bakoreye muri ico kigo kijejwe iperereza, nk’uko tubikesha BBC.

Abo bafashwe babaye aba mbere kuva umukuru w’igihugu Barrow atanguye amabanga yo kurongora igihugu.

Yahya Jammeh yahora arongoye Gambiya yari yagiye ku butegetsi mu mwaka w’1994. Inyuma y’aho yaratunganije ikigo kijejwe iperereza caranzwe no kwica hamwe no guhohotera ubuzima bw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Umukuru w’igihugu Barrow yaratangaje ko hagiye kuzoshirwaho umugwi ujejwe ukuri no gukora amatohoza kw’ihohoterwa ryakozwe ku ntwaro ya Jammeh, hamwe no kurekura abanyororo bapfungiwe ivya poritike.

Icegeranyo casohowe na Reta muri iyi ndwi kivuga ko Jammeh yasize ubutunzi bugeze habi, kandi ko yanyuruje amafaranga yaragenewe guhemba abakozi bakorera mu kigo kijejwe ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru, amafaranga arenga imiriyoni zitanu z’amadorare.

Yahya Jammeh yagirizwa kandi ko yagiye yivye amafaranga aharugwa muma miriyoni y’amadolari, agasiga ikigega ca Reta kigaragara.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.