IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Haiti : Abanyagihugu bari ku munsi ugira kabiri w’ikigandaro

Haiti : Abanyagihugu bari ku munsi ugira kabiri w’ikigandaro

lundi 10 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Mu gihugu ca Haiti bageze ku munsi ugira kabiri, mu minsi itatu y’ikigandaro yatanzwe, bibuka abahitanywe n’igihuhusi Matthew, cahitanye abantu hafi amajana icenda mu bumanuko bw’ico gihugu.

Amazu ibihumbi n’ibihumbi yarasambutse, abantu 350.000 nabo bakeneye imfashanyo zihutirwa , nk’uko bimenyeshwa na Reta ya Haiti.

Ikiza ca Cholera caje gusongera isibe muri ico gihugu, aho abantu benshi bamaze guhitanwa n’iyo ngwara, mu gihe hari ubukene bw’ibifungurwa, n’imirima yononekaye.

Uwo muyaga w’igihuhusi witiriwe "Matayo" warashitse kandi mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Amerika, gihitana abantu 10. Haciye haba umwuzure munini, umuyagankuba uracika hamwe n’inzu nyinshi zasambutse mu ntara za Florida, Georgia na Carolina, muri Reta zunze ubumwe za Amerika.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.