Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ibigwanisho vyatewe mu kiyaga c’Ubuyapani
 Ibigwanisho vyatewe mu kiyaga c’Ubuyapani
 Ibigwanisho vyatewe mu kiyaga c’Ubuyapani
				
				mardi 7 Ntwarante 2017, par
Igihugu ca Korea ya ruguru cateye ibisasu bine vyo mu bwoko bwa misile mu karere k’ikiyaga kegukira igihugu c’Ubuyapani, bivyura izindi ngorane.
Bitatu muri vyo vyaguye mu kirere Ubuyapani bwiharije mu vy’ubutunzi (EEZ) bikaba vyagenze uburebure bwi 1 000km, ivyabaye umushikiranganji wa mbere Shinzo akaba yavyise "intambwe nshasha y’iterabwoba".
BBC ivuga ko vyarasiwe mu ntara ya Tongchang-ri, hafi y’urubibe rw’Ubushinwa mu buraruko, niko igisirikare ca Korea yepfo cavuze.
Ntawuzi ubwoko bw’izo "missiles" zatewe ariko Korea ya ruguru yarabujijwe n’umuryango mpuzamakungu Onu gukora ibigeragezo ivyarivyo vyose vy’ibigwanisho vya "missile" canke vyo mu bwoko bwa "nucléaire".
Igisirikare ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika munyuma cavuze co cabonye kandi ko cakurikiranye iryo tera ry’ivyo bigwanisho ariko mgo ntabwo vyari bibangamiye Amerika yo mu buraruko.
Umuvugizi mfatakibanza w’ubwo bushikiranganji Mark Toner yavuze mw’itangazo ati: " Leta Zunze Ubumwe za Amerika ziriyamirije ibitero vya "missiles" vyakozwe mw’ijoro, vyahonyanze ingingo z’akanama kajejwe umutekano ka Onu zihaniza Korea ya ruguru kurekura ibisase vyo mu bwoko bwa missile,"niko icegeranyo kivuga.
Ku munsi wa gatanu, ubutegetsi bwa Pyongyang bwaragabishije ko bushobora gutera za "missiles" mu kwihora ku myimenyerezo ya "Foal Eagle" iriko irakogwa hagati ya Korea yepfo hamwe na Amerika.
Korea ya ruguru ibona ko iyo myimenyerezo yoba ifise intego yo kwitegurira kuyitera.
IGIHE

Messages
8 Ntwarante 2017, 09:02, par Vav
Murapfuye barundi
8 Ntwarante 2017, 21:56, par ERIFAZE
NIGIHE CIHEREZO NIBAZEBA RIHORANA NKOMUBURUDI)
9 Ntwarante 2017, 00:08, par Innocent MUSHENZA
IKI N’IGIHE C’IHEREZO,UGUSOTORANA NIKWO KUZANA INTAMBARA N’UGUSENGA.
12 Ntwarante 2017, 20:36, par Nzabandora
Hhh ibyo bihugu Japan na North Korea byakozanijeho tukirebera agatogo (video)