Accueil > Amakuru > Mu makungu > Irak : Igisagara ca Bashiqa cafashwe n’aba Kurdes
 Irak : Igisagara ca Bashiqa cafashwe n’aba Kurdes
 Irak : Igisagara ca Bashiqa cafashwe n’aba Kurdes
				
				mardi 8 Munyonyo 2016, par
Abasirikare b’abakurude binjiye mu gisagara ca Bashiqa kigenzurwa n’abarwanyi biyitira aba Reta ya kiyisilamu, mu buseruko bwa Mosul.
Abarwanyi b’aba Peshmerga baharurwa mu majana, bafashijwe n’indege z’inteko mpuzamakungu, ziyobowe n’abanyamerika, binjiriye ahantu hatatu mu gisagara ca Bashiqa.
 
Amakuru ava muri ako karere avuga ko batanguye barasa ibisasu bikomakomeye, hamwe n’ibisasu vyo mu kirere, abasirikare baca barinjira, nk’uko BBC ibivuga.
Ingabo z’abakurude zari zimaze iminsi myinshi zifatiye ico gisagara ca Bashiqa.
Ico gitero kiri mu mugambi ugamije kwirukana abarwanyi ba Islamic State, mu gisagara ca Mosul, hamwe n’uturere twegereye ico gisagara.
IGIHE

Messages
8 Munyonyo 2016, 11:38, par muhamad Muhimbaza
nibisanzwe inzirakarenganezibigenderamwo.
9 Munyonyo 2016, 07:21, par mzoyihera intagoheka
Wapige kabisa wafuti mojakwamoja hawo wapumbavu.
11 Munyonyo 2016, 23:09, par karenzo emmanuel
NIVYIZA PE ! NDABISHIMA NIBABATUZE