IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > La Haye : Sentare mpanavyaha mpuzamakungu yasavye ko Jean Pierre BEMBA (...)

La Haye : Sentare mpanavyaha mpuzamakungu yasavye ko Jean Pierre BEMBA arekurwa

mercredi 13 juin 2018

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko abashingwamanza baburanira Jean-Pierre Bemba, bari basavye ubucamanza ko yorekurwa.

Hari haheze hafi indwi, Sentare y’iyungururizo imwejeje ku vyaha vyo mu ntambara, n’icaha co guhungabanya agateka ka zina muntu, ariko sentare yavuze ko bari bamurenganije.

Jean Pierre Bemba yari yaciriwe urubanza mu mwaka wa 2016, yagirwa n’ivyaha abasirikare biwe bakoze mu gihugu ca Centre Afrique hagati y’umwaka wa 2002 n’uwa 2003.

Ingingo yo kurekura Jean Pierre BEMBA ivy’agateganyo, ije ihagarika igihano co gupfungwa imyaka 18 yari yaciriwe.

Ku ruhande rw’abakuzi biwe kandi banamushigikiye , iyo ngingo yakiriwe n’impundu z’umunezero .

Umushikirizamanza wa sentare mpanavyaha mpuzamakungu, Fatou Bensouda, yavuze ko urwo rubanza rubabaje kandi rurimwo amakenga.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.