IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Liberia : Georges Weah aza imbere mu biharuro mu matora y’umukuru (...)

Liberia : Georges Weah aza imbere mu biharuro mu matora y’umukuru w’igihugu

samedi 14 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Ibiharuro bitangwa n’umurwi ujejwe gutegura amatora vyerekana ko Georges Weah ari imbere mu ntara 11 kuri 15, ariko aho mukamenya ko amajwi yose ataraharurwa.

JPEG - 62.7 ko
Georges Weah

Mu kibanza ca kabiri vy’imfatakibanza, hakurikira UJoseph Boakai yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu.

Bizokwemezwa ko Georges Weah yatsinze ku mugaragaro mu gihe yoshikana amajwi agera ku bice 50 kw’ijana vy’abatoye, nk’uko amategeko y’igihugu ca Liberia abimenyesha. Mu gihe atawoyashikana mu bahiganwe, amatora azoca asubirwamwo mu kwezi kuza kwa Munyonyo.

Muri ayo matora yabaye mu gihugu ca Liberia, uwuzotsinda azoca asubirira umupfasoni Ellen Johnson Sirleaf yahora aramutswa ico gihugu, akaba ari nawe mupfasoni wa mbere yabaye umukuru w’igihugu ku mugabane wa Afrika.

Umukinyi rurangiranwa Georges Weah niwe ahabwa amahirwe menshi y’ugutsinda ayo matora, uwo akaba ariwe munyafrika wa mbere yaronse umupira w’inzahabu, aho akaba yari mu mwaka w’1995.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.