Accueil > Amakuru > Mu makungu > Londres: 12 bahagaritswe inyuma y’igitero cahitanye 7
 Londres: 12 bahagaritswe inyuma y’igitero cahitanye 7
 Londres: 12 bahagaritswe inyuma y’igitero cahitanye 7
				
				lundi 5 Ruheshi 2017
Abo bafashwe inyuma y’igitero cakozwe n’igipolisi mu gace kitwa Barking, mu buseruko bw’igisagara ca Londres, mu nzu y’umwe mu bakoze ico gitero.
Inyuma y’ico gitero,umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubwongereza Theresa May yavuze ko ari umwanya wo kuvuga ati ‘’birakwiye’’.
Mu mezi atatu gusa,ibitero bitatu nivyo bimaze kugirwa mu gihugu c’Ubwongereza,kimwe cabereye ahakorera inama nshingamateka i Westminister mu kwezi kwa gatatu,ikindi cabereye i Manchester gihitana abantu 22.
Igipolisi cashizeho umurongo wa telephone ufasha abakomeretse canke abafise impungenge ku makuru y’incuti n’abagenzi.
MUGISHA Van Naris
