IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Mu makungu > Mali:Mamadou Gassama yatabaye umwana i Paris yakiriwe nk’incungu i (...)

Mali:Mamadou Gassama yatabaye umwana i Paris yakiriwe nk’incungu i Bamako

Tuesday 19 June 2018, by vianney

Amakuru dukesha urubuga rwandika rw’iradiyo RFI amenyeshako abantu benshi bamutegereye ku kibuga c’indege Modibo Keita c’i Bamako bamwe baririmba abandi batamba.

Mamadou Gassama afise imyaka 22 yahawe agashimwe ko gutabara umwana yagombe akoroke avuye kw’igorofa rya kane kw’igenekerezo rya 26 Rusama 2018 ,isanamu yerekana uko yatabaye uyo mwana yarafashe yongera irahanahanwa ku mbuga ngurukanabumenyi aho yaciye ahabwa izina rya Spiderman .

Ico gikorwa co gutabara uwo mwana catumye ahabwa umubonano n’umukuru w’igihugu w’Ubufaransa Emmanuel Macron yongera amwemerera ubwenegihugu bw’Ubufaransa hamwe n’akazi.

Mamadou Gassama yashitse mu gihugu c’Ubufaransa mu kwezi kwa Nyakanga 2017, ariko hakaba hari haciye imyaka 5 avuye mu gihugu ciwe ca Mali agana umugabane wa Buraya gusaba Ubuhungiro.

Uwo munyamali yakiriwe mu kigo c’abasaba ubuhungiro i Castelnuovo di Porto i Rome mu Butariyano mu mwaka wa 2016 yongera aharonkera inyigisho zijanye no gukora ubwoko bw’umukate witwa “Pizza” akaba kandi yarakina mu murwi w’umupira w’amaguru.


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.