IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Mexique : Imyiyerekano y’ukwiyamiriza iyicwa ry’umumenyeshamakuru Javier (...)

Mexique : Imyiyerekano y’ukwiyamiriza iyicwa ry’umumenyeshamakuru Javier Valdez

mercredi 17 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Inyuma y’aho umumenyeshamakuru Valdez yishwe, habaye imyiyerekano ikomeye mu gihugu cose yo kwiyamiriza urwo rupfu. Abamenyeshamakuru bo ku mugwa mukuru wa Mexique bashikirije urwandiko umushikirizamanza mukuru w’ico gihugu, bamusaba ko agateka k’abamenyeshamakuru hamwe n’umutekano wabo ko vyokubahirizwa.

JPEG - 81.9 ko
Umumenyeshamakuru Javier Valdes yishwe arashwe

Iryo yicwa rya Valdez ryiyamirijwe kandi n’ibimenyeshamakuru bikorera muri ico gihugu hamwe n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu.

Mexique ni igihugu kiza muri bitatu vya mbere kw’isi mu bitubahiriza umutekano w’abamenyeshamakuru. Muri uwu mwaka w’2017, abagera kuri batanu akaba aribo bamaze kwicwa.

Havier Valdez, mu mwuga wiwe wo kumenyesha amakuru yakoze cane mu gushira ahabona imigwi y’abadandaza ibiyayura mutwe muri co gihugu.

Messages

  • Turahojeje umuryango wuwo mumenyeshamakuru ya gandaguwe nabobabisha, tutibagiye nimiryango ya bamenyeshamakuru bose bokwisi bamaze kubura ababo bahorwa umwuga wukumenyesha amakuru.
    Nkaboneraho nuguterintege, aba menyeshamakuru bose bokwisi kwihangana, Imana ibongere intege ninkomezi, mumwuga wabo, naho bitoroshe kurangura uwomwuga.
    Nivyo twiboneye ngaha iwacu, ingene umumenyesha makuru ya totejwe nabataribake bagahitamwo guhunga, abandi barishwe bahorwa gushikiriza ibitagenda neza, canke gutangaza ibiriko birakorerwa abanyagihugu, mukomere kwibanga turinyuma yanyu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.