IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Misiri: Umukinyi Mohamed Aboutrika yagirijwe kuba mu mirwi y’iterabwoba

Misiri: Umukinyi Mohamed Aboutrika yagirijwe kuba mu mirwi y’iterabwoba

mercredi 18 Nzero 2017

Umukinyi Mohamed Aboutrika wo mu gihugu ca Misiri yagirizwa gushigikira umurwi Muslim Brotherhood akoresheje gutanga amahera.Umurwi Muslim Brotherhood wagirizwa n’igihugu ca Misiri ko uri ku rutonde rw’imirwi y’iterabwoba.

Vyose vyatanguye mu mwaka wa 2012,igihe Mohamed Aboutrika yerekana ko ashigikiye Mohamed Morsi ,umunywanyi wa Muslim Brotherhood mu matora y’umukuru w’igihugu.

Naho yerekanye aho ahagaze mu gihugu ca Misiri,iyo ngendo ya Mohamed Aboutrika yaratangaje abantu benshi mu bamushigikiye.

Umuntu wese ashizwe ku rutonde rw’abikekwa ku bijanye n’ibikorwa vy’iterabwoba ntagirirwa ikigongwe ,igitabo c’inzira n’ubundi butunzi bwiwe burafatwa.

Umushingwamanza aburanira Mohamed Aboutrika Mohamed Osman, yavuze ko ivyakozwe biteye kubiri n’amategeko, avuga ko agiye kwunguruza kuko, uwo aburanira atigeze yagirizwa ku mugaragaro kandi ko ata kirego na kimwe yigeze ashikirizwa.

Mohamed Aboutrika yatsindiye agashimwe k’umukinyi wa mbere ku mugabane wa Afrika, mu mwaka wa 2008 .


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.