IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Myanmar: Abarohingya 12 bapfuye batwawe n’uruzi

Myanmar: Abarohingya 12 bapfuye batwawe n’uruzi

lundi 9 Gitugutu 2017

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko abantu benshi baburiwe irengero inyuma y’iyo mpanuka yabereye mu kiyaga ca Naf kuri uno w’Imana igenekerezo rya 8 Gitugutu 2017.

Ayo makuru amenyesha ko bimaze kumenyekana ko abantu 100 harimwo n’abana ari bo bari muri ubwo bwato, kandi ibikorwa vyo gutabara biracabandanya.

Abantu benshi bo mu bwoko bw’abarohingya baramaze gutwarwa bariko baragerageza guhungira mu gihugu ca Bangladesh bahunga intambara iriko irabica bigacika mu ntara ya Rakhaine.

Igitigiri nyakuri c’abantu bari muri ubwo bwato ntikizwi, ariko abakozi bo ku rubibe bo muri Bangladesh bavuga ko bari hagati ya 40 n’ijana.

Abo bakozi bakorera ku rubibe bavuga ko ibiziga 10 vy’abana, umupfasoni umwe n’umugabo arivyo bimaze kuboneka gushika ubu.

Mu kwezi kw’icenda guheze, abarohingya boba bashika 60 barapfiriye mu mpanuka nkiyo .


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.