IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Papa Francisko yisabiye kuba umuhuza mu matati ya poritike muri (...)

Papa Francisko yisabiye kuba umuhuza mu matati ya poritike muri Venezuela

mardi 25 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Umwungere wa Ekleziya Gatorika kw’isi, Papa Francisko yafashe ingingo itari yitezwe yo kugerageza gufasha mu gutora umuti w’amatati ya poritike ari mu gihugu ca Venezuela, igihugu gisanzwe kandi gihanzwe n’ingorane z’ubutunzi.

Nk’uko tubikesha BBC, mu mubonano wabaye utari wateguwe hagati y’umukuru w’igihugu wa Venezuela Nicolas Maduro na Papa Francisko i Vatican, yasavye ko yohuza uwo mukuru w’igihugu n’abo batavuga rumwe.

JPEG - 23.9 ko
Papa Francisko, umwungere wa Ekereziya Gaturika

Intumwa ya Papa mu gihugu ca Venezuela, Emil Paul Tscherring yavuze ko izo mpande zibiri zitavuga rumwe muri Venezuela, zemeye kugiriranira ibiganiro mw’izinga rya Margarita, mu gihugu ca Venezuela.

Ariko inkuru zatanzwe ku mbuga ngurukanabumenyi, umukuru w’abatavuga rumwe na Reta, Henrique Capriles, yavuze ko ata biganiro biratangura kandi ko gutangura ibiganiro bundi bushasha, ari amayeri ya Reta.

Abanyagihugu bo muri Venezuela batekewe n’ubwoba kubera ingingo yafashe y’ukwungururiza ku rindi sango imyiyamamazo y’amatora ya kamarampaka yo gukura ku butegetsi umukuru w’igihugu wa Venezuela, Nicolas Maduro.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.