IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Pologne : Abanyagihugu bagize imyiyerekano yo kwiyamiriza itegeko ribuza (...)

Pologne : Abanyagihugu bagize imyiyerekano yo kwiyamiriza itegeko ribuza gukorora inda.

jeudi 18 janvier 2018

Abari muri iyo myiyerekano, bisize amabara yirabura musi y ‘amaso ikimenyetso c’abarwanyi.

Anna umupfasoni w’imyaka 30, akaba umwe mu baharaniye iryo tegeko ry’ugukorora inda mu mwaka wa 2016 muri ico gihugu, amenyeshako ari uburenganzira bw’umuntu ndetse azokwama abiharanira.

Ati : « Biroroshe gufata ivyanje nkagenda nkava mur’iki gihugu c’amavukiro, ariko siniteguye kubikora, nzokigwanira. »

Nayo Carolina, umwigeme w’imyaka 19, wewe avuga ko azohunga igihugu ciwe akagenda aho bubahiriza uburenganzira bw’umuntu.

« Simbona ndiko ndaba mu gihugu baka uburenganzira umuntu. Nzokwigira mu gihugu barekera uburenganzira umuntu bwo kubaho ubuzima bwiwe, nko muri skandinaviya n’ahandi. »

Abanshingamateka bo muri ico gihugu nibamara kwemeza iryo tegeko, nta mwigeme canke umupfasoni azoba arekuriwe gukorora inda, atari mu gihe ari uwafashwe ku nguvu canke igihe ubuzima bw’umuntu bugeramiwe.


Huguette NKURUNZIZA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.