IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Singapoul : Donald Trump na Kim Jong Un bumvikanye ku bintu bine (...)

Singapoul : Donald Trump na Kim Jong Un bumvikanye ku bintu bine bikuru

mardi 12 juin 2018

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko Amerika na Koreya ya Ruguru bazotangura imigenderanire mishasha nk’uko ’abanyagihugu b’ivyo bihugu bibiri bipfuza amahoro.

Abo bakuru b’ibihugu bibiri, bumvikanye ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Koreya ya Ruguru bizofashanya kwubaka no gukwiragiza amahoro arama muri Koreya ya Ruguru.

Biyemeje kandi gushira mu ngiro amasezerano ya Panmunjom yo mu kwezi kw’igenekerezo rya 27 Ndamukiza 2018, aho haba inama y’abakuru b’ibihugu vya Koreyaa ya ruguru n’iy’Epfo, ko Korea ya ruguru izofata ingingo yo gutuza burundu ibigwanisho ruhonyanganda ku butaka bwa Koreya ya ruguru.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Koreya ya ruguru bumvikanye guhanahana abafatiwe mu ntambara n’ababuriwe irengero, hamwe n’ibiziga vyabo, hamwe kandi no guhanahana abapfungwa hamwe n’ibiziga vy’abamenyekanye.

Uwo mubonano wabereye I Singapoul mu gatondo ko kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 12 Ruheshi 2018, ubaye uwa mbere uhuje umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika akiri mu mabnga n’uwa Koreya ya Ruguru.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.