Accueil > Amakuru > Mu makungu > Siriya:Abantu 23 bapfuye mu gitero co mu kirere
Siriya:Abantu 23 bapfuye mu gitero co mu kirere
jeudi 8 février 2018
Abaharanira agateka ka zina muntu bakorera muri ako gace bamenyesheje ko abanyagihugu aribo basinzikajwe cane n’ivyo bitero.
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ryasavye ko izo ngwano zihagarara mu maguru masha.
Ayo makuru amenyesha ko umwe mu banyagihugu aba muri ivyo bice yavuze ko hakomeretse abantu 19, hamwe n’inzu zitari nke z’abantu zabomotse.
Uwo munyagihugu yavuze ko ikibazo bafise ari ico kubura imiti abakomeretse bakeneye cane.
Kuva ku musi wa mbere w’iyi ndwi,abasirikare b’igihugu ca Siriya batanguye kugaba ibitero mu kirere murako gace kabamwo abantu ibihumbi 400,bivugwako hamaze gupfa abantu 130.
BIKORIMANA Vianney