IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Siriya:Abantu 23 bapfuye mu gitero co mu kirere

Siriya:Abantu 23 bapfuye mu gitero co mu kirere

jeudi 8 février 2018

Abaharanira agateka ka zina muntu bakorera muri ako gace bamenyesheje ko abanyagihugu aribo basinzikajwe cane n’ivyo bitero.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ryasavye ko izo ngwano zihagarara mu maguru masha.

Ayo makuru amenyesha ko umwe mu banyagihugu aba muri ivyo bice yavuze ko hakomeretse abantu 19, hamwe n’inzu zitari nke z’abantu zabomotse.

Uwo munyagihugu yavuze ko ikibazo bafise ari ico kubura imiti abakomeretse bakeneye cane.

Kuva ku musi wa mbere w’iyi ndwi,abasirikare b’igihugu ca Siriya batanguye kugaba ibitero mu kirere murako gace kabamwo abantu ibihumbi 400,bivugwako hamaze gupfa abantu 130.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.