IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Siriya : Reta Zunze Ubumwe za Amerika zishobora kugira ibitero vya (...)

Siriya : Reta Zunze Ubumwe za Amerika zishobora kugira ibitero vya gisirikare

jeudi 12 avril 2018

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Amerika, Sarah Sanders, yavuze ko ingingo ya nyuma ku bijanye no gukora ibitero vya gisirikare itarafatwa.

BBC imenyesha ko, Sarah Sandersyavuze ariko ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zagiriza ivy’ico gitero c’ubumara ku gihugu c’Uburusiya n’igihugu ca Siriya.

Akanama kajejwe umutekano muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika gategekanya guhura kur’uno wa Kane, mu gihe umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Theresa May yatumyeko inama y’abashikiranganji.

Naho biri ukwo, Reta ya Siriya yarahakanye kuba inyuma y’ico gitero c’ubumara.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.