IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Trump yemeye ko Obama yavukiye muri Amerika

Trump yemeye ko Obama yavukiye muri Amerika

vendredi 16 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Ibiro vy’abafasha uwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu ku ruhande rw’abarepublicains muri Amerika, Donald Trump, vyatangaje ko ubu yemera ko Obama yavukiye muri Amerika.

Ivyo babivuze inyuma y’amasaha make Trump atanze ikiganiro, aho yavuze ashimitse kandi atiteguye kwemera ko Obama yavukiye muri Amerika. Aganira na Washington Post, Trump yaranse kuvuga ko Obama yavukiye muri Amerika, munyuma aza kuvuga ko atari kwishura ico kibazo.

Trump afatwa nk’uwatanguje umugwi uzwi kw’izina rya “birther movement”, wemeza ko Barack Obama atavukiye mu ntara ya Hawai, ko rero atari akwiye kuba prezida wa Amerika. Umumenyeshamakuru wa BBC, Anthony Zurcher avuga ko iyo ngingo ikomeye cane, ko ishobora kuza irangiza impari kuri ico kibazo.

Muri iryo tangazo ryashizweko umukono n’umuhanuzi mukuru wa Trump, Jason Miller, avuga ko bidasigura ko yemeye amakosa. Ahubwo Miller yagiriza Hillary Clinton n’abamufasha mu myiyamamazo yo mu 2008, aho umupfasoni Clinton yariko arahiganwa mu mugambwe w’abademokrate.

Nta kimenyetso na kimwe cerekana ko umupfasoni Clinton afitaniye isano na Birther.
Yishura kuri ivyo, umupfasoni Clinton yishuye kuri twitter ko nk’umusubirizi wa Prezida Obama “adashobora kurongora umwi w’amacakubiri y’urukoba wa Birther”.
Abahakana ko Obama yavukiye muri Amerika, bavuga ko yavukiye muri Kenya(se wa Obama yari umukenya).

Iyo nkuru yarakwiragiye mu bimenyeshamakuru vyinshi muri Amerika mu 2008 n’abakunzi b’umupfasoni Clinton, igihe vyari bitanguye kugaragara ko uwo mupfasoni adashobora gutsindira guserukira abademokrate mu matora y’umukuru w’igihugu ico gihe.

Ivyo kandi vyasubiye kuzurwa n’abashigikiye John McCain aho atanguriye kurushwa amajwi na Obama nk’uko vyandikwa na Fact Check. Trump yatanguye kuvuga ivyo imbere y’amatora yo mu 2012.

Mu kwezi kwa kane mu 2011, yasavye Obama kwerekana urupapuro rwiwe rw’amavuka, ibintu vyashigikiwe n’abanye politike benshi b’abarepublicains, harimwo uwahoze arongoye intara ya Alaska, Sarin Palin.

Mu mwaka wa 2012, uwariko aritoza ico gihe muba republicains, Mitt Romney, yarasubiyemwo ayo majambo mu myiyamamazo yiwe yo mu kwezi kw’umunani muri uwo mwaka.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.