Accueil > Amakuru > Mu makungu > Turkiya : Umucamanza afise urubanza rw’uwagirizwa ihonyabwoko yasibiwe (...)
 Turkiya : Umucamanza afise urubanza rw’uwagirizwa ihonyabwoko yasibiwe kurekurwa
 Turkiya : Umucamanza afise urubanza rw’uwagirizwa ihonyabwoko yasibiwe kurekurwa
				
				mercredi 1er Ruhuhuma 2017, par
Sentare ya ONU yasavye Turkiya kurekura umucamanza apfunzwe inyuma y’igerageza ryo guhirika ubutegetsi mu mwaka w’2016. Iyo sentare ya ONU isaba ko yorekurwa kugira ashobore kuburanisha urubanza rw’uwuregwa ihonyabwoko.
Amashirahamwe agwanira agateka ka kiremwa muntu avuga ko Reta ya Turkiya yafashe ibihumbi vy’abanyagihugu barimwo abacamanza n’abavugabutumwa, bagirizwa ko bashigikiye abashatse guhirika ubutegetsi.
Umucamanza Akay ari mu murwi w’abacamanza bategerezwa gukurikirana urubanza rwungurujwe rw’umuntu yigeze kuba umushikiranganji w’Urwanda, Augustin NGIRABATWARE, yaciriwe umunyororo w’imyaka 30, nk’uko BBC ibivuga, yagirizwa ko yahimirije abantu gukora ihonyabwoko mu Rwanda.
IGIHE
