USA : Barack Obama yashikirije ijambo rya nyuma ari umukuru w’igihugu

Yanditswe na IGIHE
Kuya 11 janvier 2017 saa 08:25
Yasomwe : 14166
0 0

Umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Barack Obama yashikirije ijambo rya nyuma ari umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika,aho yagarutse kuvyo yaranguye ari umukuru w’igihugu.
Iryo jambo yarishikiririje muri Reta ya Chicago aho asanzwe avuka. Yavuze ko yakoze ibitari bike mu bijanye n’ubutunzi bwaduze, mu gihe yashitse k’ubutegetsi bugeramiwe, ibikorwa bijanye no kugwanya iterabwoba, kurekurira abipfuza kwubaka bose, no kugwanya ihingurwa ry’ibigwanisho ruhonyanganda mu (...)

Umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Barack Obama yashikirije ijambo rya nyuma ari umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika,aho yagarutse kuvyo yaranguye ari umukuru w’igihugu.

Iryo jambo yarishikiririje muri Reta ya Chicago aho asanzwe avuka. Yavuze ko yakoze ibitari bike mu bijanye n’ubutunzi bwaduze, mu gihe yashitse k’ubutegetsi bugeramiwe, ibikorwa bijanye no kugwanya iterabwoba, kurekurira abipfuza kwubaka bose, no kugwanya ihingurwa ry’ibigwanisho ruhonyanganda mu gihugu ca Irani.

Barack Obama yamenyesheje ko mu gihe ariko arabisikanya m’umutekano n’uwugiye kumusubirira, intwaro rusangi ya Amerika ibonekera mu migambi yubahiriza abanyagihugu.

Mur’iryo jambo ryo gusezera, Barack Obama yafashe umwanya wo gushimira abamwizeye, ashimira umuryango wiwe, yongera kandi ashimira icegera ciwe Joe Biden, mu kuvuga ko igena ryiwe ryabaye ingingo ya mbere nziza yafashe.

Umukuru w’igihugu Barack Obama yamenyesheje kandi ko yizeye ko naho agiye adahejeje urutonde rw’imigambi yiwe yose, yizeye ko we n’abamufashije bose, bagize uruhara m’ukwubaka igihugu kizorera urunganwe ruzokurikira.

Umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Barack Obama azobisikanya na Donald Trump agiye kuramutswa Amerika, kw’igenekerezo rya 20 Nzero 2017, Donald Trump akazoba ari Umukuru w’’Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika agira uwa mirongo ine na gatanu.


Kumenyekanisha

1
Ndikumana Désiré 13-01-2017 à 18:22

Mweho Murazi Ikizira Muremera Mukabisikanya Nayo Muburundi Ngo Mpaka Yesu Agarutse.

2
Nowera Nimbona 12-01-2017 à 09:53

Komera nyakubahwa Obama, icokugayako nuko wemeye kwabagabo kubagabo barongorana ! aho niho wa hemutse ku Mana yomwijuru.

3
Nema 11-01-2017 à 21:40

t emba witembane

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha