IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA : Donald Trump avuga ko ashobora gusohoka mu biganiro bizomuhuza na Kim (...)

USA : Donald Trump avuga ko ashobora gusohoka mu biganiro bizomuhuza na Kim Jong-Un

jeudi 19 avril 2018

Iradiyo y’abongereza BBC, imenyesha ko mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru, ari kumwe n’umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani Shinzo Abe bavuze ko bikwiye ko haguma hafatwa izindi ngingo kuri Koreya yo mu Buraruko, gushika ico gihugu gihagaritse gukora ibirwanisho vy’ubumara.

Ayo makuru ya BBC, amenyesha ko Imbere y’aho, Donald Trump yari yemeje ko umukuru w’igisata kijejwe iperereza CIA, Mike Pompeo yagize urugendo rwo mw’ibanga muri Koreya yo mu Buraruko kubonana na Kim Jong Un.

Urwo rugendo rw’umukuru wa CIA muri Koreya yo mu Buraruko, rubaye urwa mbere rwo ku rwego rwo hejuru hagati ya Amerika na Koreya yo mu Buraruko ruguru, kuva mu mwaka wa 2000.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.