IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA : Donald Trump yisubiyeko ku ngingo yo gutandukanya abavyeyi (...)

USA : Donald Trump yisubiyeko ku ngingo yo gutandukanya abavyeyi n’abana

vendredi 22 juin 2018

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko naho yasokoye kuri iryo tegeko kubera abantu benshi baryiyamirije, Donald Trump yavuze ko azobandanya gucungera imbibe z’igihugu.

Kuva aja ku butegetsi, Donald Trump yerekanye ko ashaka gushiraho amategeko akaze yo kurwanya abimukira, ariko yisanze mu ngorane na cane cane aho habonekeye amafoto ateye ikigongwe y’abana batandukanijwe n’abavyeyi babo ku rubibe rwa Amerika na Mexique, aho zababaje abanyamerika benshi.

Inama nshingamateka, abaharanira agateka ka zina muntu eka mbere n’umupfasoni Melania Trump umupfasoni wiwe, hamwe n’abapfasoni b’abigeze gutwara ico gihugu vyarabababaje.

BBC ivuga ko hakiri amakenga nimba iryo tegeko rya Donald Trump rizoshobora gutuma imiryango ishobora kuba hamwe inyuma y’imisi 20, kandi vyari vyitezwe ko inama nshingamateka kuri uyu wa kane itora amabwirizwa abiri akura amakenga kuri iyo ngingo.

Abana barenga 2000 baramaze gutandukana n’abavyeyi babo, ariko iryo tegeko rya Donald Trump ntiryerekana ingene abana n’abavyeyi bazosubira guhuzwa.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.