Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA : Donald Trump yisubiyeko ku ngingo yo gutandukanya abavyeyi (...)
USA : Donald Trump yisubiyeko ku ngingo yo gutandukanya abavyeyi n’abana
vendredi 22 juin 2018
Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko naho yasokoye kuri iryo tegeko kubera abantu benshi baryiyamirije, Donald Trump yavuze ko azobandanya gucungera imbibe z’igihugu.
Kuva aja ku butegetsi, Donald Trump yerekanye ko ashaka gushiraho amategeko akaze yo kurwanya abimukira, ariko yisanze mu ngorane na cane cane aho habonekeye amafoto ateye ikigongwe y’abana batandukanijwe n’abavyeyi babo ku rubibe rwa Amerika na Mexique, aho zababaje abanyamerika benshi.
Inama nshingamateka, abaharanira agateka ka zina muntu eka mbere n’umupfasoni Melania Trump umupfasoni wiwe, hamwe n’abapfasoni b’abigeze gutwara ico gihugu vyarabababaje.
BBC ivuga ko hakiri amakenga nimba iryo tegeko rya Donald Trump rizoshobora gutuma imiryango ishobora kuba hamwe inyuma y’imisi 20, kandi vyari vyitezwe ko inama nshingamateka kuri uyu wa kane itora amabwirizwa abiri akura amakenga kuri iyo ngingo.
Abana barenga 2000 baramaze gutandukana n’abavyeyi babo, ariko iryo tegeko rya Donald Trump ntiryerekana ingene abana n’abavyeyi bazosubira guhuzwa.
MUGISHA Van Naris
Messages
22 juin 2018, 19:50, par sylvere niyungeko
give the advices to this person, children can not be separated with their mather !,it’s amazing !
25 juin 2018, 23:32, par JEIPRO
NN MUNYUMVIRA AGOMBIKI ?
27 juin 2018, 11:18, par nishimwe dany chris
oya iyongingo turayiyamirije