IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA: Umukuru w’inzego z’iperereza yiyemeje gutanga insiguro y’igituma bagiriza (...)

USA: Umukuru w’inzego z’iperereza yiyemeje gutanga insiguro y’igituma bagiriza Uburusiya kwivanga mu matora

vendredi 6 Nzero 2017

Umukuru w’inzego zijejwe iperereza muri Reta zunze ubumwe za Amerika, General James Clapper, yiyemeje gutanga insiguro y’igituma bagiriza igihugu c’Uburusiya kwivanga mu matora y’umukuru w’igihugu muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

James Clapper yavuze ko umukuru w’igihugu c’Uburusiya Vladmir Putin yategetse ko ubutumwa buca ku ngurukanabumenyi bw’umugambwe w’abademokrate bukurikiranwa mu nzira zitemewe n’amategeko.

Naho James Clapper yavuze ko icatumye Vladimir Putin atanga iryo tegeko kizosigurwa mu ndwi iza,yanse kuvuga nimba ibi vyakozwe na Vladimir Putin bishobora gutuma haba intambara hagati ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’Uburusiya.

Igihugu c’Uburusiya kirahakana gishimitse ivyo cagirizwa na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, naho nyene Amerika yoyo yamaze gufatira ibihano igihugu c’Uburusiya.

Abategetsi ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika babwiye inama nkenguzamateka ko Uburusiya bufise umugambi ukomeye cane wo kwinjira mu mashini nyabwonko mu nzira zitemewe n’amategeko,kandi ko bibangamiye inyungu za Reta Zunze Ubumwe za Amerika.


IGIHE

Messages

  • Bazoyasubiramwo Amatora !Komuvuga Kohabayubusuma? Muduhe Igisubizo.

  • Ivyemezo bikaba biriho bashugurikirwe gose bizobere akarorero nibindi bihugu.

  • None Ingaruka Ihari Niyihe Ko Muvuga Ko Uburusiya Bwabinjiriye Mumamashine Yabo Hazoca Habiki? Barafise Ivyemezo Nimba Bihari Trump Ntarahire Kuko Yoba Arumusuma

  • Ivyanditswe bigiye gusohora ,American yatayagaciro ntanibanga ikigira!!!!nyamba Uburusiya bushobora kwinjira mumashini nyabwonko z America bugakora icobushaka mugihe intambara zose zicogihugu zikoregwa kunyabwonko nibamanike amaboko bubahe uburusiya burabaruta.ibibavuga rero nukwiyambura agahuzu kugirisi ibimenye ko America IMANA yayikuye kwamaboko ,bibukeko imbere yabo nihabi kandi Obama arangije nkumwirabure nibobadatsindwa ngobemere !!! Ibihano vyose asizafashe Trump azocabikuraho kuko niwe azotegeka Americans .nonese uburusiya bwaciye kwinjira mumareta yose agize izorete nomumitima yabazibamwo bubategeka gutora Trump??? Ahubwo amabanga yagiyahabona yarimabi bituma abenegihugu bayiyamiriza bihitiramwo.ikizwinuku Trump yatowe kumugaragaro Bose babireba abatsinzwe baryumeko birinde amamsg yamabanga apfuye bazotegere nyuma yimyaka5 nibaharico bazohanoba.America igihugu cigihangange kwisi kirangije nabi kiranteyakagongwe cikuyeko ninkomezi carigifise nonubu bagiye kukigenderako nkikiraro kuko kitagishoboye kwirarira ahobaribafise inkomezi zabozose .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.