IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA: Umuririmvyi Don Williams yitavye Imana ku myaka 78

USA: Umuririmvyi Don Williams yitavye Imana ku myaka 78

samedi 9 Nyakanga 2017

Don Williams yamenyekanye cane mu myaka ya 1981 mu ndirimbo yabiciye biracika yise ‘I Believe you’. Itangazo ryashyizwe ahabona n’abari bajejwe ibikorwa vyiwe, bavuze ko yitavye Imana inyuma yo kurwara umwanya muto.

Don Williams yamenyekanye cane kubera ubuhinga bukomeye bwo kuvuga igitari, n’ijwi ryiwe ryanezera benshi. Mu mwaka wa 2010 yashizwe mu bihangange vyabayeho kw’isi mu mudiho wa Country ndetse uwo mwaka izina ryiwe ryandikwa muri Country Music Hall of Fame.

Inyuma y’imyaka itandatu (2016) yaciye ahagarika ibikorwa vyiwe vyose nk’umunyamuziki kubera imyaka,yatanguye kuririmba mu gisgara ca Portland avuye muri Texas aho yavukiye mu mwaka w’1939.

JPEG - 117.7 ko
Umuririmvyi Don Williams

Mu myaka y’1960, Don Williams yimukiye mu gisagara ca Nashville, aho yatanguriye kwandika indirimzo zikomeye harimwo izakunzwe cane.

Don Williams yakoze indirimbo zakunzwe zirimwo Lord, I Hope This Day Is Good, Good Ole Boys Like Me, Amanda, Listen to the radio n’izindi.

Umviriza indirimbo Some broken hearts never mend


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.