IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA : Umwanditsi w’amajambo y’umukuru w’igihugu yatanze imihoho

USA : Umwanditsi w’amajambo y’umukuru w’igihugu yatanze imihoho

samedi 10 février 2018

David Sorensen, abaye umukozi mu biro vy’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika atanze imihoho mu ndwi imwe gusa, inyuma ya Rob Porter yari umuyobozi mu rwego rujejwe abakozi yatanze imihoho akekwa nawe guhohotera abagore biwe babiri.

Uwahoze ari umugore wa Sorensen yitwa Jessica Corbett, yabwiye ikinyamakuru The Washington Post ko yahora amukubita ku ruhome rw’inzu, kandi akamukwega umushatsi, agasigura ko atigeze abivuga kubera imigenderanire yari hagati y’uwahora ari umugabo wiwe n’inzego zari kumutunganiriza.

Jessica Corbett yavuze ati : “Umuntu wese ashobora kwibaza ko uri umugabo mwiza, ariko ijoro ryose wama uta umugore wawe ku mpome z’inzu.”

David Sorensen yahakanye kugira ihohotera iryariryo ryose yakoreye umugore mu buzima bwiwe, avuze ko atanze imihoho kuko asahaka ko ibiro vy’umukuru w’igihugu hari aho vyohurira n’ivyo bibazo.

Ivyo David Sorensen yagirizwa vyatumye John Kelly ajejwe ibiro vy’umukuru w’igihugu White House, abazwa ko yoba yari abizi.

Umukuru w’igihugu Donald Trump nawe akekwa guhohotera bifatiye ku gitsina abagore 20.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.