Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA : Umwanditsi w’amajambo y’umukuru w’igihugu yatanze imihoho
USA : Umwanditsi w’amajambo y’umukuru w’igihugu yatanze imihoho
samedi 10 février 2018
David Sorensen, abaye umukozi mu biro vy’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika atanze imihoho mu ndwi imwe gusa, inyuma ya Rob Porter yari umuyobozi mu rwego rujejwe abakozi yatanze imihoho akekwa nawe guhohotera abagore biwe babiri.
Uwahoze ari umugore wa Sorensen yitwa Jessica Corbett, yabwiye ikinyamakuru The Washington Post ko yahora amukubita ku ruhome rw’inzu, kandi akamukwega umushatsi, agasigura ko atigeze abivuga kubera imigenderanire yari hagati y’uwahora ari umugabo wiwe n’inzego zari kumutunganiriza.
Jessica Corbett yavuze ati : “Umuntu wese ashobora kwibaza ko uri umugabo mwiza, ariko ijoro ryose wama uta umugore wawe ku mpome z’inzu.”
David Sorensen yahakanye kugira ihohotera iryariryo ryose yakoreye umugore mu buzima bwiwe, avuze ko atanze imihoho kuko asahaka ko ibiro vy’umukuru w’igihugu hari aho vyohurira n’ivyo bibazo.
Ivyo David Sorensen yagirizwa vyatumye John Kelly ajejwe ibiro vy’umukuru w’igihugu White House, abazwa ko yoba yari abizi.
Umukuru w’igihugu Donald Trump nawe akekwa guhohotera bifatiye ku gitsina abagore 20.
MUGISHA Van Naris